Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, amenyesha ko mu ntara indwara y’akaranda k’impene itarashikamwo, abantu bashobora kubandanya bafungura inyama z’ibitungwa bito bito, ariko ivyo bitungwa bikabanza gupimwa n’ababijejwe kugira bakingire umutekano w’amagara y’abanyagihugu.
Mw’itangazo ry’umuvugizi w’ubushikiranganji Aimérance NIRERA, uwo muvugizi atangura abeshuza ko itangazo ryasohotse rivuga ko ubushikiranganji bubujije gufungura inyama z’impene atari ryo, kandi ritaraba ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi.
Muri iryo tangazo,umuvugizi w’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko naho biri ukwo, kizira gufungura inyama y’igitungwa bimaze kugaragara ko kirwaye canke igitungwa cishwe n’indwara.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko , mu ntara iyo ndwara y’akaranda yabonetsemwo, abajejwe amagara y’ibitungwa bari ku kivi, kandi bamaze no kumenya imiryango aho iyo ndwara yibonekeza n’ingingo zo gufasha ko iyo ndwara idatandukira ibindi bice zamaze gufatwa.
Aimérance ahamagarira aborozi b’ibitungwa kumenyesha hakiri kare abajejwe ubworozi n’abajejwe intwaro mu gihe cose babonye igitungwa cerekanye ibimenyetso vy’indwara nk’ugukorora, ugucibwamwo, ibiseru n’ibindi.
Umuvugizi w’uvushikiranganji arangiza ahumuriza abafungura inyama ko indwara yamaze kumenyekana kandi ko ababijejwe bariko babikurikiranira hafi.