Doing Business : Ubuyobozi bwa API burasigura icatumye Uburundi butakaza ibibanza

Ikigo cishinze kworohereza abanyamitahe mu Burundi API, kirashima uko caranguye ibikorwa mu mwaka wa 2017. Naho biri ukwo, ubuyobozi bw’ikigo API buremeza ko Uburundi bwatakaje ibibanza, mu bisata bimwe bimwe bimwe, ku rutonde rwerekana uko abanyamitahe boroherezwa mu gushinga amashirahamwe.

Ku rutonde Doing Business rw’umwaka wa 2018 ku mugabane wa Afrika, igihugu c’Uburundi kiza mu kibanza c’164, mu gihe mu mwaka wa 2017, Uburundi bwari mu kibanza c’157, bisigura ko cakorotse ibibanza 7.

Kubwa Alexandre NDAYISHIMIYE,umuyobozi nfatakibanza ajejwe impinduka mu kigoAPI, amenyesha ko Uburundi bwatakaje ivyo bibanza kuko mu gihe hari ivyo bahinyanyuye mu kigo API, n’ibindi bihugu birahinyanyura bigatuma haguma ubusumbasumbane.

Alexandre NDAYISHIMIYE avuga ko mu gihe bariko barasuzuma uko kworohereza abanyamitahe mu bihugu bikorwa, bafatira ku biba vyarahinduwe bakaraba n’ingene bishirwa mu ngiro.

Umuyobozi ajejwe ibihinduka mu kigo API amenyesha kandi ko kuba amafaranga yasabwa kugira umunyamutahe yandikishe ishirahamwe yaradugijwe akava ku mafaranga ibihumbi 50 vy’amarundi, akaja ku bihumbi 150 vy’amarundi vyatumye Uburundi butakaza ibibanza.