Umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Iraq amenyesha ko abantu bagera ku 35 bitavye Imana abandi bantu baharugwa muri mirongo barakomereka mu gitero c’ibisasu mu muji wa Baghdad.
Ico gitero cagabwe mu masanganzira y’amabarabara ya Tayeran, aho abantu bari bashengereye barindiriye akazi.
Ubwa mbere habanje guturika igisasu cari cambawe n’umwiyahuzi, hakurikira ikindi bikekwa ko cavuye kuri mugenzi we canke cari giteze ku mpande z’ibarabara.
Iki kibaye igitero ca gatatu c’abiyahuzi muri Baghdad mu kiringo c’iminsi ibiri.
Ibitero vyongeye kuvyuka muri Iraq inyuma y’aho leta imenyshereje mu kwezi kwa 12 umwaka uheze ko amatora y’abashingamateka azoba mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka.