Umugabo yafashwe mw’ijoro buca ari kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 15 Nzero 2018 , muri quartier Bukirasazi ya zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, ariko arakinda.
Amakuru ava aho mu Kinama, amenyesha ko uwo mugabo azwi kw’izina rya Omar yafashwe ari gusa ata mpuzu n’imwe yambaye, igihe yariko arakinda muri quartier Bukirasazi, muri komine Kinama, kw’ibarabara ry’icenda.
Uwo mugabo Omar yafatiwe ku rugo rw’umubanyi wiwe aho kw’ibarabara ry’icenda,muri Quartier Bukirasazi, akaba yafashwe kandi afise agasaho biboneka ko koba karimwo imiti y’ikirundi, akambaye mw’izosi.
Ayo makuru amenyesha ko mu gatondo, uwo mugabo yaciye ajanwa ku biro vya zone Kinama, aho ariko arabazwa muri iki gihe.