Président Trump ati “ Sindi umunyamacakubiri ndimvugakuri”

Prezida Trump yarahiye ararengwa ko atari umunyamacakubiri inyuma yo kunebagurwa mu kuba yarakoresheje ijambo « umwanda » avuga ibihugu vya Afrika.

Bivugwa ko Trump yakoresheje iryo jambo mu ndwi iheze mu nama ihuza impande zibiri mu biro vyiwe yihweza ivyohinduka mu mategeko y’abimukira.

Ubu yabwiye abamenyeshamakuru: » Sindi umunyamacakubiri. Ndi umuntu wa nyuma w’amacakubiri muhaye ikiganiro. »

Bubaye ubwa mbere umukuru w’igihugu yagirizwa kugira amacakubiri.

Ivyo yabihakaniye imbere y’abamenyeshamakuru bakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu mu nyubakwa ya Trump International Golf Club i West Palm Beach mu ntara ya Florida mw’ijoro ryo ku wa mungu.