Rumonge : Abantu 15 harimwo abatanzaniya bari mu minwe y’igiporisi

Abantu 15 barahagaritswe n’abajejwe umutekano kuwa gatandatu igenekerezo rya 13 Nzero 2018, mu ntara ya Rumonge. Umurwi umwe wagirizwa ko watunganije amasengesho ata ruhusha ubifitiye, uwundi ukagirizwa kubandwa.

Umurwi wa mbere wafashwe ugizwe n’abarundi bane bose b’abagabo, bafatiwe ku Mutambara bari kumwe n’abandi bashika 50 bariko barasengera mw’ihema.

Amakuru ava mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko,uko ari bane bagirizwa guhonyanga itegeko rya buramatari w’intara ribuza abantu gusengera mu vyumba vy’amasengesho, ariko abo bafashwe bakabihakana bakavuga ko atari idini.

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abantu 11 harimwo abava mu gihugu ca Tanzaniya, bose bafatiwe ku Mugara, bakaba bagirizwa ko bariko bagira umugirwa wo kubandwa canke guhamura.

Amakuru ava aho ku Mugara, amenyesha ko bafashwe bafise imiti y’ikirundi, umutwe w’inka n’ibindi bikoresho.

Mu giporisi mu ntara ya Rumonge bamenyesha ko abo bafashwe bariko bakorerwa amadosiye kugira bace bashikanwa imbere y’ubutungane.