Bamwe mu badandaza bo kw’isoko nkuru y’intara ya Rumonge bamenyesha ko umwimbu w’igihe c’agatasi wagenze neza kuko muri kino gihe c’iyimbura ibiciro vy’ibifungurwa bimwe bimwe nk’ibiharage hamwe n’umuceri vyagabanutse.
Domithile NDUWIMANA asanzwe ari umudandaza w’ibiharage n’umuceri mw’isoko nkuru y’intara ya Rumonge yamenyesheje ko ibiciro vy’ibiharage n’umuceri vyagabanutse kuko iyo ivyo bifungurwa biva biboneka ko umwimbu wagenze neza.
Domithile NDUWIMANA ati :’’Ibiharage canke umuceri tudandaza sivyo turima hano mu Rumonge, ariko iyo biva nk’i Ngozi,i Gitega hamwe na Mabanda mu ntara ya Makamba biboneka ko umwimbu wagenze neza, kuko ibiciro vyagabanutse.’’
Ubu ibiharage vyitwa kirundo bigurwa amafaranga 900 kw’isoko nkuru ya Rumonge mu gihe vyahora bigurwa amafaranga 1300,ibiharage vyitwa kinure bigurwa amafaranga1100 mu gihe vyahora bigurwa amafaranga 1500, naho ivyitwa mbunduguru bimenyerewe kwitwa Jaune bigurwa 1300 mu gihe vyahora bigurwa amafaranga 1800.
![]()
Mwomenya ko n’umuceri bita w’umurundi wahora ugurwa amafaranga 2000 aho kw’isoko nkuru ya Rumonge ubu ugurwa amafaranga 1850.