Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abantu 11 bahagaritswe bidakurikije amategeko, abigeme babiri barasinzikarizwa ubuzima mu ntara ya Bubanza, umwe nawe arahohoterwa mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika kurya 13 Nzero 2018.
Nkuko biri mu cegeranyo ca SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, muri abo 11 bahagaritswe harimwo ahanini abayoboke b’umushingamateka RWASA Agathon bafatiwe mu bice bitandukanye vy’igihugu.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko abo bayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA bahagarikwa bagirizwa kuba bariko bigisha abanyagihugu kudatora ibwirizwa nshingiro.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku rupfu rw’umunyagihugu ava mu gihugu c’Urwanda,kuwa kane igenekerezo rya 11 Nzero 2018, muri komine Mabayi,arashwe n’abasirikare igihe yariko ajabuka yinjira mu Burundi.
Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku buryo abahagarikwa mu ntara ya Rumonge bapfungwamwo, aho rimenyesha ko abenshi muri bo bapfungwa ata dosiye bafise, bigatuma bapfungwa ari benshi, mu kibanza gito.