Karusi : Umwigisha yahagaritswe n’igiporisi kirwanya igiturire

Umwigisha wo kw’ishure nshingiro ryo ku mutumba Tambi-Kabande, muri komine Bugenyuzi, intara ya Karusi, ari mu minwe y’igiporisi kijejwe kurwanya igiturire,kuva kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018.

Uwo mwigisha azwi kw’izina rya Josephat MANIRAKIZA yahagaritswe n’igiporisi kijewe kurwanya igiturire, mw’ijoro ryo kur’uyu wa mbere, yagirizwa kuba aho yahora ari umuyobozi w’ishuri yaretse umwigisha aguma ahembwa imishahara ibiri.

Amakuru ava aho i Bugenyuzi, amenyesha ko Josephat MANIRAKIZA yafashwe inyuma y’umunsi wose ariko araronderwa.

Josephat MANIRAKIZA yagiye kwigisha kw’ishure nshingiro rya Tambi-Kabande,inyuma yo gukurwa mu mabanga y’ubuyobozi bw’ishuri rya Komine ry’i Kanazi, aho mu ntara ya Karusi.