Ubuyobozi bw’amagara y’ibitungwa arabeshuza amakuru abuza abantu gufungura inyama z’impene

Umuyobozi ajejwe amagara y’ibitungwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, amenyesha ko ubushikiranganji butigeze bubuza abanyagihugu gufungura inyama z’impene mu gihugu cose.

Muganga Deogratias NSANGANIYUMWAMI ajejwe amagara y’ibitungwa mu bushikiranganji bwuburimyi n’ubworozi avuga ko indwara y’akaranda k’impene yibonekeje mu ntara za Gitega, Mwaro, Kirundo n’igice gito c’intara ya Karusi.

Umuyobozi ajejwe amagara y’ibitungwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi akamenyesha ko imbere yo gufungura inyama z’impene muri izo ntara, zobanza gupimwa neza.

Tugerageje kurondera umuyobozi w’uburumyi n’ubworozi mu ntara ya Gitega, imwe mu zivugwamwo iyo ndwara kugira atubwire aho igikorwa co gukinga iyo ndwara y’akaranda kigeze, yatubwiye ko ari mu nama y’akazi.