Video: Mu Burundi naho tubipfukapfuka ibintu ntivyifashe neza namba.

Mu Burundi naho abagwanya Leta badoboza bakanarementaniriza igihugu ca bibarutse mumakungu, abashigikiye ubutegetsi nabo bakarenzako, bagapfukapfuka mbere bakanasigiririza; ibintu ntivyifashe neza namba.

Imico y’ubuntu yaratitutse, abantu basigaye barutwa n’inyamaswa. Baratukana atamutimanama, baricana atagitabara, aha tutavuze n’ubundi bubisha. Hageze aho baca ibikonjo abana canke bakabahamba babona ngo bivye ibigori mumurima. Wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga impinga ikabira nkayo.