Uwahoze akorera prezida wa Zimbabwe, Robert Mugabe, yavuze ko yagize ubwoba ko abanyagihugu « bafata bakongera bakica » uwo mutegetsi « nk’uko vyabaye muri Libya ».
Mu ndwi ya nyuma y’ubutegetsi bwiwe, yari apfunzwe icamaso muhira iwe, mu gihe abasirikare bari bamuhagaritse mu mabanga yiwe kugira ashobore kuva ku butegetsi.
« Natanguye kubona amasanamu ya Muammar Kadaffi, » ni ko George Charamba yahoze ari umuvugizi wa Mugabe yavuze.
Yariko aravugana n’ikinyamakuru cigenga co muri Zimbabwe Daily News site.
Yibuka imisi ya nyuma y’ubutegetsi bw’imyaka 37 bwa Mugabe, Charamba yavuze ko uwo mutama w’imyaka 93 yashaka » kurangiza ikiringo ciwe » hanyuma biba ngombwa ko bamugabisha kubishobora kumushikira bivuye ku ngingo igisirikare cafashe n’imyiyerekano y’abamwiyamiriza.
Igihe Mugabe yari apfungiwe mu nzu yiwe ya Blue Roof mansion, ibiganiro vy’ingene yova ku butegetsi vyariko biraba hagati y’abasirikare b’abajenerali, abapadiri ba Katolika, abamushigikiye muri politike hamwe n’intumwa z’igihugu ca Afrika y’epfo.
Charamba avuga ko abategetsi ba gisirikare bahaye inkuru uwo mugwi ko abantu barenga ibihumbi mirongo ibiri bari mu myiyerekano, bahamagarira prezida Mugabe gutanga imihoho, kandi ko ishobora kumushikira aho ari.
« Vyarashoboka kubera ko abasirikare bavuga ‘ntidushobora kurasa abanyagihugu bari mu myiyerekano biyamiriza prezida ngo tumene amaraso, » ni ko Charamba yabwiye Daily News.
Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Libya, Muammar Kadaffi yarafashwe hanyuma aricwa mu 2011 bivuye ku migumuko amaze imyaka irenga 40 ku butegetsi.