Igiporisi cerekanye abantu 3 bagirizwa ubusuma bw’imodoka

Abasuma 3 nibo igiporisi cerekanye inyuma y’umutaga kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Nzero 2018, bagirizwa ko biba imodoka. Abo berekanywe, bafashwe bariko bagerageza kwiba imodoka zitandukanye.

Umuvuguzi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyeshako babiri ba mbere bafatiwe muri zone Ngaraga kw’isoko bita COTEBU bashaka kwiba imodoka yo mu bwoko bwa PRADO.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi avuga ko abo babiri bafatanywe n’urupfunguruzo rwugurura imodoka z’ubwoko zose kandi arirwo bakoresheje mu kwinjira muri iyo modoka.

Umusuma agira 3,uwo avugira igiporisi amenyesha ko yafatiwe muri karitiye ya 4 ya zone ya Ngagara, ariko agerageza kwatsa imodoka mu gihe abo barikumwe baciye biruka bamaze kubona igiporisi.

Yafatiwe muri zone ya Ngagara ariko agerageza kwiba imodoka

Ibijanye n’uko abafatwa mu busuma nk’ubwo baca barekurwa,Pierre NKURIKIYE avuga ko ico kibazo kitobazwa igiporisi kuko iyo urwo rwego rubafashe rubakorera dosiye rugaca ruyirungika mu butungane.

Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko igiporisi cahagurukiye ico kibazo c’ubusuma c’imodoka kimaze imisi cibonekeza mu gisagara ca Bujumbura kugira gituzwe.

Hari haheze iminsi ine igiporisi cerekanye uwundi musuma w’imodoka,yafashwe yagirizwa kwiba imodoka zishika 6.