Indege yari itwaye abasirikare b’abarundi bahora mu karuhuko mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero ntiyabaye ikibandanya urugendo nk’uko vyari bitegekanijwe. Abo basirikare bari bagiye mu gihugu ca Somaliya aho basanzwe bari mu gikorwa co kugarukana amahoro AMISOM.
Amakuru ava mu begereye ikibuga c’indege ca Bujumbura, amenyesha ko iyo ndege yavuye hasi , ariko ica igira ikibazo c’ubuhinga vyanka ko ibandanya urugendo rugana ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadiscio.
Ayandi makuru avuga ko iyo ngorane y’ubuhinga yoba yavuye ku gikona cinjiye mu moteri y’indege bica bituma itabandanya urugendo.
![]()
Bivugwa ko iyo ndege yoba yazungurutse mu kirere incuro zitanu, ariko mu nyuma bihava birakunda ko isubira kugwa ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura.
Umuyobozi w’ikibuga c’indege ca Bujumbura Emmanuel HABIMANA amenyesha ko ari inyoni yinjiye mu moteri y’iyo ndege, akemeza ko abahinga bariko bararaba ikibazo cabaye, hanyuma ice isubira igende.
![]()
Tubamenyeshe ko ata muntu yakomeretse canke ngo haboneke ikindi cononekara ku ndege.