Papa Francis yabariye abari bitavye igikorane ku kirimba c’umukuru w’igihugu muri Chilie, ko yumva umubabaro n’isoni kubera amabi atagira izina yakorewe abo bana.
Muri Chili abanyagihugu benshi ni abakirisu b’aba Katolika.
Ariko benshi barababajwe n’uko Papa Francis yagenye umusenyeri yahoze ari umunyeshure wa patiri Fernando Karadima.
Ubutegetsi bwa Vatikano bwasanze Fernando Karadima yagirwa n’icaha co guhohotera abana b’abahungu mu kiringo c’imyaka n’iyindi.