Uganda: Ikeha ry’amaraso mu gisata c’ubuvuzi

Igisata c’ubuvuzi co mu gihugu c’Ubuganda cagabishije ko amaraso yo gutera abagwayi ari make cane mu gihugu.

Ibanki y’amaraso y’i Kampala ivugwa ko igaragara, ngo ikaba isigaranye amaraso 100 ku 1000 akenegwa ku munsi.

Uwurongoye ishirahamwe « Ugandan Medical Association », Dr Mukuzi Muhereza, yabwiye BBC ko ibitaro vyahagaritse kubaga, kandi ko amagara y’abanyagihugu ageramiwe.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Sarah Opendi, yavuze ko basavye ayandi mahera kugira ngo ico gisata co gutera amaraso gisubire gukora, ariko ngo birakenewe ko abanyagihugu biyumvire gutanga amaraso.