Umuriro wadutse mu modoka wishe 52 mu buraruko bushira uburengero bwa Kazakhstan, niko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwavuze.
Abantu batanu bashoboye gusohoka iyo modoka, bakaba bariko baravurigwa aho iyo mpanuka yabereye n’abatabazi, niko amakuru avuga.
Iyo mpanuka yabaye 10:30 isaha yaho, ku munsi wa kane muri komine ya Irgiz, mu ntara ya Aktobe.
Iyo bisi ivugwa ko yaritwaye abanyagihugu b’aba Uzbek bava canke bagiye mu Burusiya, kw’ibarabara rya Samara-Shymkent, niko itangazamakuru ryo muri ako karere rivuga.
Iryo barabara ry’uburebure bw’ibirometero 2200 rikunze gucako abimukira b’aba Uzbek baja mu vy’ubwubatsi mu Burusiya, niko ababikurikirana bavuze.
![]()
Ubutegetsi bwa Kazakh bwavuze ko abantu batanu barokotse
Ubushikiranganji bujejwe impanuka bwabwiye AFP ko abantu 55 hamwe n’abashoferi babiri aribo bari muri iyo bisi.
« Abantu batanu batabawe baravugwa. Abasigaye bapfuye, » niko bwavuze mw’itangazo bwasohoye.