Abantu bashika igihumbi nibo bari mu myiyerekano mu gisagara ca Valsovie basaba ko itegeko rihana uwakoroye inda ritokwemezwa n’abashingamateka.
Abari muri iyo myiyerekano, bisize amabara yirabura musi y ‘amaso ikimenyetso c’abarwanyi.
Anna umupfasoni w’imyaka 30, akaba umwe mu baharaniye iryo tegeko ry’ugukorora inda mu mwaka wa 2016 muri ico gihugu, amenyeshako ari uburenganzira bw’umuntu ndetse azokwama abiharanira.
Ati : « Biroroshe gufata ivyanje nkagenda nkava mur’iki gihugu c’amavukiro, (…)
Abantu bashika igihumbi nibo bari mu myiyerekano mu gisagara ca Valsovie basaba ko itegeko rihana uwakoroye inda ritokwemezwa n’abashingamateka.
Abari muri iyo myiyerekano, bisize amabara yirabura musi y ‘amaso ikimenyetso c’abarwanyi.
Anna umupfasoni w’imyaka 30, akaba umwe mu baharaniye iryo tegeko ry’ugukorora inda mu mwaka wa 2016 muri ico gihugu, amenyeshako ari uburenganzira bw’umuntu ndetse azokwama abiharanira.
Ati : « Biroroshe gufata ivyanje nkagenda nkava mur’iki gihugu c’amavukiro, ariko siniteguye kubikora, nzokigwanira. »
Nayo Carolina, umwigeme w’imyaka 19, wewe avuga ko azohunga igihugu ciwe akagenda aho bubahiriza uburenganzira bw’umuntu.
« Simbona ndiko ndaba mu gihugu baka uburenganzira umuntu. Nzokwigira mu gihugu barekera uburenganzira umuntu bwo kubaho ubuzima bwiwe, nko muri skandinaviya n’ahandi. »
Abanshingamateka bo muri ico gihugu nibamara kwemeza iryo tegeko, nta mwigeme canke umupfasoni azoba arekuriwe gukorora inda, atari mu gihe ari uwafashwe ku nguvu canke igihe ubuzima bw’umuntu bugeramiwe.