Amata yose ahingurwa n’ihinuriro Lactalis yahagaritswe kudandazwa mu gihugu

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda Sida bwafashe ingingo yo guhararika mu gihugu cose,urudandazwa rw’amata y’ubwoko bwose ahingurwa n’ihinguriro Lactalus

Iyo ngingo ifashwe inyuma yaho ubwo bushikiranganji bumenyeshereje ko buhagaritse urudandazwa rw’amata y’abana ahingugwa na Lactalis mw’itanganzo ryasohowe kw’igenekerezo rya 11 nzero 2018.

Dr Josiane NIJIMBERE asaba abajejwe amagara y’abantu n’inzego zose gufashanya n’abajejwe intwaro hamwe n’umutekano kugira iyo ngingo ije mu ngiro.

Tubibutseko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida bwari bwafashe ingingo yo kubuza urudandazwa rw’amata y’abana ahingurwa na Lactalus inyuma yaho iryo hinguriro rimenyesheje ko, ayo mata arimwo imigera bita salmonella mu rurimi rw’igifaransa itumwa umwana amererwa nabi mu nda.