Inyuma y’aho Donald Trump, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yise ibihugu vya Haïti, Salvador n’ibihugu vya Afrika ko ari ibihugu vy’umwanda « Pays de merde », abahoze baserukira Afrika muri Amerika bashika kuri 48 bandikiye Donald Trump bashikiriza aho bahagaze.
Muri iryo kete barungikiye Donald Trump,bagarutse ku majambo yashikirije mu gihe yari mu nama yerekeye abimukira.
Muri urwo rwandiko, baributsa Donald Trump ko Afrika ari umugabane ufise Ubuntu, ubwiza buteye igomwe, ubutunzi kama, bakibutsa ko Afrika ifitaniye kahise kanini na Amerika.
Bongeye baributsa imigenderanire y’ubutunzi n’igisirikare hagati ya Afrika na Amerika, bakavuga ko abanyafrika, ndetse n’abirabure baba muri amerika, bafise kinini batereye kugira isi ibe uko iiri ubu.
Abo bahoze baserukira Afrika bagiriyeko basaba Trump guhindura ukwo afata Afrika n’abanyafrika,n’ibikorwa bakora, kw’isi no muri Amerika