Burundi:Umutekano uguma uhungabana mu gihugu hagati

Amakuru ava irya n’ino aguma agaragaza umutekano uhungabana mu gihugu. Iyo atari abandika ibihuha vyo guhungabanya umutekano ni abajejwe umutekano bo nyene bikeka yuko batewe maze bakivuna ugasanga bahitanye abanyagihugu. Iyo butabaye ubugizi bwa nabi bwabicana bazizanya amatongo, indane zo mumiryango n’ibindi, ni ububisha bukogwa n’abantu bagatemagura abandi kubera n’imvo zitaramenyekana nkiyo misore yarengeye mu bantu mu kinindo bagatemagura.

Dusaba abantu kwama barikanuye ntihagire ababaca muryahumye ngo babahohotere ubuzima.