Uburundi bwitwariye ubunyamabanga bukuru bwa Afrika y’Ubuseruko

Reta y’Uburundi yaritwariye ibiro vy’umunyamabanga mukuru wa Afirika y’Ubuseruko muri sentare y’uwo muryango busaba ko amategeko akwirikizwa kw’itorwa ry’umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA.

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko,Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko bitwariye ibiro vy’umunyambanga mukuru wa Afirika y’Ubuseruko kuko amatora aheruka yo gutora umukuru w’inama nshingamateka w’uyo muryango EALA yaciye kubiri n’amategeko.

Isabelle NDAHAYO yavuze ko umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA yatowe, mu gihe igitigiri gisabwa n’amategeko ntunganyabikorwa kugira amatora ashobore kuba kitari gikwiye.

Uwo mushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afirika y’Ubuseruko avuga ko bitumvikana kubona hakoreshwa inguvu mur’ayo matora, kandi inama nshingamateka y’umuryango wa Afirika y’Ubuseruko ari urwego rujejwe gutora ,kwubahihiza hamwe no gukwirikiza amategeko y’ako karere.

Isabelle NDAHAYO amenyesha ko inama nshingamateka y’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko itoba ijejwe gushiraho amategeko hama ikaba iya mbere mu kuyahonyanga, arico catumye Uburundi bwitwara kugira ivyo bibazo bitorerwe umuti.

Umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, Martin NGONGA yatowe kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2017, mu gihe abashingamateka b’Uburundi n’aba Tanzaniya bari basohotse.

Ariko mu nyuma,naho bari bifadikanije n’abaserukira Uburundi, abashingamateka baserukira igihugu ca Tanzaniya bahavuye bemera ivyavuye muri ayo matora ashiraho umukuru w’Inama Nshingamateka ya EALA.