Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bumenyesha isango ryo guterera amatora

Ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi bumenyesha ko intererano y’amatora yo mu mwaka wa 2020 izotangwa bafatiye ku mushahara fatiro. Ubwo bushikiranganj bumenyesha ko igikorwa co gutora iyo ntererano kizotangurana n’ukwezi kwa mbere kwa 2018.

Mu rwandiko rw’umushikiranganji rwo kumenyesha, umushikiranganji Felix MPOZERINIGA aramutswa ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, amenyesha ko ivyo bizokorwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko nshikiranganji rigenga uko intererano y’amatora ya 2020 itozwa.

Muri urwo rwandiko umushikiranganji Felix MPOZERINIGA yibutsa ko itegeko nshikiranganji nomero 530/540/1770 ryateweko umukono n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta, hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu igenekerezo rya 11 Kigarama 2017, ryerekana abaterera amatora ya 2020, muri abo hakaba harimwo abakozi ba Reta.

Iryo tegeko rigiye gushirwa mu ngiro kuva mu mpera z’ukwezi kwa mbere,ryerekana kandi umurwi wose igitigiri c’amafaranga uzotanga nk’intererano bivanye n’umushahara fatiro wawo.