đIMPANURO YO KUTAVA KUBUNTU BW’IMANAđ
ABAHEBURAYO 12:14_15_16_17_25.
14/Mukurikire kugiriranira Amahoro n’abantu bose,n’ukwezwa,kuk’utejejwe atazoraba Umwami.
15/Mwizigame,ntihagire umuntu adashikira Ubuntu BW’IMANA,kandi ntihagire umuzi wo kurura umera,ukabahagarika umutima,abenshi bakandura.
16/Ntihabeh’umushakanyi,cank’igihumane’ nka Esau,yaguranye ivyo kuba
Samurarwa kwiwe ingaburo imwe.
17/Kuko muzi yuko hanyuma,hamwe yagomba kurarwa umugisha,atemerewe,kukw atabonye uburyo bwo kwihana naho yabirondera cane arira.
25/Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga ,ba bandi ko batakize,hamwe banka uwababuriye mw isi.tweho tuzorushiriza cane kadakira,namba dutera ibitugu Iyituburira iri mw ijuru.đAMEN HIMBAZWA MWAMI YESUđ