Amerika: Ibikorwa vya reta vyahagaze inyuma y’amatora muri sena

Reta ya Amerika yatanguye guhagarika bimwe mu kirwavyayo inyuma y’aho inama nkenguzamateka inaniriwe kwumvikana ku nteguro y’itegeko rishasha rigenga amahera reta ikoresha.

N’aho gushika ku munota wa nyuma hariko haraba ibiganiro vy’impande zibiri, itegeko ryemerera reta amahera izokoresha gushika kw’itariki 16 ukwezi kwa kabiri ntiryaronse amajwi 60 yari akenewe kugira ryemezwe.

Ni ubwa mbere ivyo bishitse mu gihe umugambwe umwe w’aba republicains ari wo ufise abawuserukira benshi haba mu nama nshingamateka canke nkenguzamateka.

Mu kwishura kuri ivyo vyabaye, ibiro vy’umukuru w’igihugu vyagirije umugambwe w’abademokrate « kunigira mu menshi abanyagihugu bitwaje inyungu zabo zidafashe ».

« Bashira politike imbere y’umutekano w’igihugu, imiryango y’abasirikare, abana batagira shinge na rugero hamwe n’ubushobozi bw’igihugu cacu bwo gukorera abanyamerika bose », ni ko umuvugizi w’ibiro vya prezida Sarah Sanders yavuze.

Ariko uwurongoye abademokrate mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer yavuze ko Trump yaburijemwo ivyo impande zibiri zari zumvikanye kandi « ko atateye igitsire umugambwe wiwe mu nama nshingamateka ».

Ibintu nk’ivyo vyaheruka mu 2013 bikaba vyamaze imisi 16.