Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida Muganga Josiane NIJIMBERE amenyesha ko intererano y’amatora ubushikiranganji arongoye bwatanze yatanzwe k’ubushake n’abakozi babwo.
Muganga Josiane NIJIMBERE avuga ko ari we nyene ubwiwe yatanze ubutumwa mu nama yabereye i Gitega asaba ko buri muntu afise ico yoterera yogitanga uko avyiyumvisemwo.
« Ni jewe ubwanje natanze ubutumwa imbere y’abarongoye intara n’abarongoye uburere bw’ubuvuzi hamwe n’abayobozi bakuru mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu ndabasaba ko umwe wese yoterera ico yumva kiri ku mutima kandi yumva ashaka guterera. »
Uwo mushikiranganji avuga ko ayo mafaranga yatanzwe n’umuntu wese ashaka uko yumva n’uko ashoboye gutanga.
Muganga Josiane NIJIMBERE asigura ko naho abajejwe amagara y’abantu baguma ari abarundi ari naco catumye na bonyene baterera uruhara rwabo kugira bubake igihugu,kuko amatora ari ay’abarundi ,atari ay’abanyamahanga.
Amafaranga ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bwatanze angana n’imiriyoni 86.338 950 y’amafarangay’amarundi.