Gitega-Rutana:Abantu babiri baritavye Imana bakubiswe n’inkuba

N’imiburiburi abantu babiri baritavye Imana , ibitungwa bitari bike birapfa bikubiswe n’inkuba, mu mvura yaguye mu bice bitandukanye vy’igihugu, ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Nzero 2018.

Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi, amenyesha ko umunkenyezi wa mbere yitavye Imana azwi kw’izina rya NIYONZIMA Berthe, wo ku mutumba Murambi, komine Nyarusange, intara ya Gitega, yitavye Imana akubiswe n’inkuba aca yitaba Imana ubwo nyene.

Ahandi inkuba yahitanye ubuzima bw’umuntu ni, ku mutumba Nyamure, zone Gitaba, komine n’intara ya Rutana, aho abantu bane bakubiswe n’inkuba, umwe aca yitaba Imana, mu gihe abandi batatu bakomeretse.

Mu ntara ya Mwaro, ku mutumba Kinyovu, komine Rusaka, inka indwi hamwe n’intama zitatu zarakubiswe n’inkuba, abanyagihugu baho bakavuga ko ari uruhombo runini kuko ibitungwa biri mu gayri bibatunze.