Liberia: George Weah ubu aramutswa icese igihugu ca Liberiya

Abanyeliberiya buzuye ikibuga c’umupira w’amaguru kijamwo abantu ibihumbi 35 i Monrovia kwirabira ibirori vy’irahira ry’umukuru w’igihugu mushasha, George Weah.

Mu rwamo rwinshi rw’amashi n’impundu, akikujwe n’abakuru b’ibihugu benshi bo muri Afrika hamwe na barurangiranwa mu mupira w’amaguru, Weah yashikirije ijambo.

Yagize ari: « Namaze imyaka myinshi y’ubuzima bwanje mu bibuga vy’umupira w’amaguru, ariko uko niyumva uno munsi ntavyo nari bwumve na rimwe. »

Yashimiye uwo asubiriye, Ellen Johnson Serleaf, ku kuntu yagarukanye amahoro mu gihugu.

Ariko bamwe berekana impungenge ku cegera ciwe yahisemwo, uwo nawe akaba ari uwahoze ari umugore w’uwari umukuru w’igihugu Charles Taylor.

Uwo mugabo ubu apfungiwe mu Bwongereza kubera ivyaha vyo mu ntambara vyakorewe muri Sierra Leone.