Liberiya: Umukuru w’igihugu mushasha ararahirira kurongora igihugu

George Weah aheruka gutorwa ngo arongore igihugu ca Liberiya, ararahira kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018, mu mabanga yo kurongora igihugu.

Ikinyamakuru Daily Nation canditse ko George Weah arahirira ku kibuga Samuel Kanyon Doe iri ku murwa mukuru Monrovia igihe c’isaha zitandatu n’iminota 45 kw’isaha mpuzamakungu.

Vyitezwe ko ibirori vyo kurahira kwa Georges Weah biza guterwa iteka n’abakuru b’ibihugu vya Ghana, Mali, Nigeria, Togo n’abakinyi b’ibihangange mu mu mupira w’amaguru b’abagenzi biwe.

Kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2017, niho umurwi utegura amatora wemeza ko George Weah yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, arushije amajwi uwahora ari icegera c’umukuru w’igihugu Joseph Boakai.

Abanyagihugu muri Liberiya, biteze ko umukuru w’igihugu mushasha azobakura mu bukene bufatiye k’ukubura akazi, yubake amashuri meza n’ibindi.

Ellen Johnson Sirleaf yahora ari umukuru w’igihugu, yabwiye itorokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ,ko George Weah afise akazi kadasanzwe harimwo kwongereza ubutunzi, no kuronsa akazi urwaruka.