Mukunde ukuri kandi mwumvire Imana.

🌈IVY’UKURI BO N’URUKUNDO🌈

2YOHANA 2_3_5_8.

2/Kubw’ukuri kuba muri twebwe,kukazogumana natwe ibihe bidashira.

3/Ubuntu n’imbabazi n’amahoro,biva ku MANA Data wa twese no kuri YESU KRISTO,Umwana wa Data wa twese,bizobana ‘natwe mu vy’ukuri no mu rukundo.

5/Kandi none ndakwinginga mukamakare,si nk’ukwandikira icagezwe gisha,ariko n’ico twamanye uhereye mbere na mbere’ngo dukundane.

8/Mwiyubare,ntimuhombe n’ivy’ibikorwa mwakoze,ariko ngo muhabwe ingero itagabanije.🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏

🌈IVYAGO BIZABABAKO NI BANKA KWUMVIRA IMANA🌈

ABALEWI 26:14_15_16.

14/Ariko ni mutanyumvira,ntimwitondere ivyo vyagezwe vyose,

15/Kandi ni mwagaya amabwirizwa yanje,mukazinukwa ivyo nashinze,bigatuma mutitondera ivyagezwe vyanje vyose,mukica isezerano ryanje,

16/Nanje uko nzobagira n’uku nzobagomorera ibibaca ivutu,kugenda mukonyera bo no kurwara inyonko bizotuma muhwera mu kajisho,imitima yanyu ihondobere muzorimira ubusa,🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏