Siriya-Turukiya: Ingwano zikaze muri Syria irabandanya zikozwe n’abasirikare ba Turukiya.

Inteko za Syria zamije ibibombe ubugira gatatu ku birindiro vy’abagwanyi b’aba Curdes bo mu mugwi YPG.

Ikigo c’itangazamakuru ca Turukiya cavuze ko igisirikare kimaze kwinjira ibirometero bitanu mu ntara ya Afrin ata kigihagaritse.

Abagwanyi ba YPG bo bavuze ko bahagaritse abo basirikare kandi ko basambuye ibiduga vy’ingwano bibiri vya Turukiya.

Abaharanira amateka muri Syria bavuze ko abasivile 18 bamaze guhitanwa n’umucanwa w’abasirikare ba Turukiya.

Ubutegetsi bwa Ankara bwabihakanye mu gihe akanama kajejwe umutekano ka Onu gategekanya gukoresha inama yo kwihweza ivy’iyo ngwano uno munsi ku mugoroba.

(Leta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye zishimitse igihugu ca Turukiya kwihutisha kumara iyo ngwano, no kugaba ibitero ku bagwanyi b’aba « curdes » gusa.)