Umucuraranzi rurangiranwa wa Jazz wo muri Afrika y’epfo Hugh Masekela, yafashije cane mu kurwanya intwaro ya karwanishamiryango, yapfuye afise imyaka 78.
Umuryango w’uwo mucuraranzi watangaje ko Masekela yapfiriye mu gisagara ca Johannesburg inyuma yo kugwara umwanya muremure ingwara ya cancer.
Masekela yamenyekanye cane kubera ukuntu yavuza umuziki wa Afro-Jazz hamwe n’indirimbo ziwe zamenyekanye cane harimwo iyitwa Soweto Blues.
Iyo ndirimbo yasohotse mu 1977 yarafashije cane mu gikorwa co guhangana n’intwaro karyanishamiryango ya Afrika y’epfo.
Yafatwa na benshi nk’ « umuvyeyi wa Jazz mu gihugu ca Afrika y’epfo. »
![]()
Yrafashije mu guteramisha abantu igihe haba inkino z’igikombe c’isi muri Afrika y’epfo mu 2010 ari kumwe na Femi Kuti