Ihanga ry’Imana ABISEZERANO rifashe aka kanya ngo rikebure abarundi n’abanyamahanga bagomba ineza y’Uburundi ngo ntibagwe mudutego twabasuma , abambuzi n’abagizi ba nabi.
Ihanga ry’Imana ABISEZERANO rimaze iminsi ryumva abantu biyitirira abisezerano maze bagatoza intererano abenegihugu bagorewe mu makambi y’impunzi mumahanga na cane cane muri Tanzania, Nduta, Mutenderi na Nyarugusu. Ako kagwi kimbura bugirire nyene karaca no mugihugu hagati kagenda karasaba intererano kavuga ngo n’abisezerano. Turabakebuye ntimurwe mudutego twabo basuma n’abambuzi. Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ntantererano ryigeze ritoza kandi nta ntererano ririko riratoza.
Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ryarumvise kandi n’abakozi b’iperereza rikore Petero Nkurunziza babwira abantu yuko ari ABISEZERANO kugira ngo bakunde bate mukamashu abarindiriye ugutabagwa kuvuye k’Uhoraho. Murasabwe kw’ibanga cane:
1. Abantu bababwira ivyisezerano mutabazi kandi badaciye mu nzego z’Ihanga ry’Imana.
2. Abantu bababwira ngo hariko harategurwa ibi canke biriya kuko ibikogwa vy’Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ntibikoregwa kuri Facebook canke kuri za Whatsapp bikogwa mukuri no mwibanga.
3. Abantu bagenda baravuga amazina y’aba na bariya , abo ni ibimenabanga kandi ba mpemuke ndamuke kuko mwihanga ry’Imana indongozi yose ifise agacamusi “code”
Kubwivyo, turasavye umuntu wese agomba gukorana n’ubwoko bw’Imana, umuntu wese agomba kugira ico abaza, ico ashikirije canke afise amakenga guca kumihora y’abisezerano isanzwe izwi kugira ntihagire usubira kugwa mu mitego y’ababisha, abasuma n’abambuzi.
Ihanga ry’Imana ABISEZERANO rigendera ku kurongogwa n’Uhoraho Imana, ntirikorana n’urwego na rumwe rw’igihugu canke ubutegetsi bw’igihugu na kimwe kw’isi.
Turabashimiye!
Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.