Umukuru wa sentare nkuru ya Muha, mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko bashima aho igikorwa co guhagarika inkozi z’ikibi zagirizwa gukomeretsa abantu zikoresheje imipanga. Albert BUCUMI amenyesha ko abatari bake bamaze guciribwa imanza.
Inyuma y’urubanza rw’ikibiriraho, rw’abantu batatu bagirizwa gukomeretsa umuntu bakoresheje umupanga muri zone Kinindo,Albert BUCUMI, umukuru wa sentare nkuru ya Komine Muha, yamenyesheje ko abantu 20 bamaze guhagarikwa bagirizwa ubwo bubisha.
Albert BUCUMI avuga ko iyo bamaze guhagarikwa n’abajejwe umutekano, baca bakorerwa amadosiye, bagaca barungikirwa parike iyo nayo ikabacira imanza.
Umukuru wa sentare nkuru ya Komine Muha, amenyesha ko ubwo bugizi bwa nabi naho bwibonekeje mu mazone ya Kinindo na Kanyosha, ubu hari intambwe yatewe, kuko ababikora bahagaritswe.