Cibitoke : Umwana umwe yitavye Imana, babiri barakomereka bahitanywe na gerenade

Umwana umwe niwe yitavye Imana, abandi babiri barakomereka cane, bakokerekejwe na gerenade yaturitse inyuma y’umutaga kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018, mu rugo rwa SHIRAMAZINDA Cassien ruri ku mutumba Munyika ya kabiri, wo muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke.

Uwo mwana w’umukobwa yitavye Imana azwi kw’izina rya Girukwigomba jehovah w’imyaka itanu y’amavuka, hamwe na Shemezimana Thierry na TUYISHIME bakomeretse bikomeye.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo gerenade yaturitse nk’igihe c’isaha icumi n’igice kur’uyu wa mbere, mu gihe iyindi imwe itaturitse yatowe ahaturikiye iyo ya mbere.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abakomeretse bariko bavugirirwa mu bitaro Agape vyo mu rugombo, kandi amatohoza akaba yamaze gutangura kugira bamenye icatumye ayo magerenade aturika.