Icegeranyo gisaba abasirikare ba ONU gukoresha inguvu aho bikenewe cagiye ahabona

Icegeranyo co Ku rwego rwo hejuru casabwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kimenyesha ko abasirikare b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bategerezwa kwitegurira kugira ibitero mu kwikingira umwansi.

Ico cegeranyo kivuga ko inkofero n’ibendera vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bitagikingira abasirikare b’iryo shirahamwe , ko rero batotinya gukoresha inguvu aho bikenewe.

Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha ko ico cegeranyo casabwe n’umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU Antonio Guterres kivuga ko abo baba bahanganye bumva gusa ururimi rw’ibigwanisho.

Ico cegeranyo gisaba ko abasirikare ba ONU botegurwa neza, bagahabwa kandi ibikoresho bikwiye, imbere yo kurungikwa mu bikorwa vyo gufasha kugarukana amahoro.

Abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bashika amajana abiri barishwe muri iyi myaka itanu iheze, abari ku mugabane wa Afrika bakaba ari bo bageramiwe kurusha abandi.