Onu yoba igiye kuza irakoresha inguvu mu kugarukana amahoro.

Icegeranyo co mu rwego rwo hejuru kivuga ko inkofera n’ibendera vya Onu bitagikingira ingabo z’iryo shirahamwe, ko rero zitotinya gukoresha inguvu aho bikenewe.

Ico cegeranyo casabwe n’n’umunyamabanga mukuru wa Onu, kivuga ko ingabo za Onu zitegerezwa kwitegurira kugira ibitero mu kwikingira umwansi.

Kivuga ko abo baba bahanganye bumva gusa ururimi rw’ibigwanisho.

Gutegurwa neza no guhabwa ibikoresho bikwiye imbere yo kurungikwa mu butumwa ni bimwe mu vyo ico cegeranyo gisaba.

Abasirikare ba Onu bashika amajana abiri barishwe muri iyi myaka itanu iheze, abari ku mugabane wa Afrika bakaba ari bo bageramiwe gusumba.