UMUTUMIRO W’AMASENGESHO
Y’IHANGA RY’IMANA ABISEZERANO.
Turabaramukije Amahoro y’Imana Isumba Vyose tuti: Shalom!
Tubatumiriye amasengesho yo kuwa 24 na 27 Nzero 2018, nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse yuko ku misi ya gatatu na gatandatu(Mercredi &Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi.
I. URUFATIRO:
“Abarundi bamye kuva kera na rindi mu ndyane z’amacakubiri y’amoko, intara, amadini, imigambwe n’amoko vyatumye abarundi isinzi bicwa bunyamaswa, abandi bakangazwa bagahera mubuhungiro, hatibagiwe abanyazwe utwabo, akarenganyo, ugutotezwa n’ayandi mabi. Imana iti ntibizokwama uko bigiye kurangira.”
Soma Yoshuwa 3:5 ( Ni mwiyeze kuko ejo Uhoraho azokora ibitangaza muri mwebwe).
II.INYIGISHO:
1. Ukwizera kwacu guhagaze kuri kamere y’Uhoraho Imana/niyo kwizigigwa (Abaheburayo 10:23), inyakuri (Yohani 17:17) kandi ntihinduka (Yakobo 1:17)
2. Ukwizera kwacu guhagaze kw’Ijambo ry’Imana (2Petero 3:9 na 1 Tesalonika 5:4)
3. Ukwizera kwacu guhagaze kurukundo Imana idukunda (Yohana 3:16 canke 15:13)
4. Ukwizera kwacu guhagaze kuvyo Uhoraho Imana Imaze gukora. ( Abaheburayo 11: 1-40)
* Muribukijwe ababaye abahizi mu kwizera nka Abeli, Henoki, Nowa, Aburahamu, Sarah, Isaka, Mose, Rahabu, Gidiyoni, Baraki, Samusoni, Yefuta, Dawidi, Samweli….n’ivyakoretse ku kiyaga gitukura, inzitiro z’amabuye y’iyeriko,…
Tubaye turabashimira kukigoro ko kwitabira aya masengesho nokuyatumirira abandi.Nidusangwe IMANA -UBURUNDI N’ISEZERANO.
Bigiriwe I Bujumbura le 23/01/2018