Sentare Nkuru ya Muha, mu gisagara ca Bujumbura, yaciriye abagabo batatu bagirizwa gushaka kwica umuntu bakoresheje imipnga, gupfungwa imyaka 15.
Abo bagabo batatu ni BUKURU Fidel, Emmanuel MBABARIRE bava muri komine Mbuye, intara ya Muramvya, hamwe na Charles MANIRAKIZA ava muri komine Giheta, intara ya Gitega.
Nkuko bishikirizwa na Agnes BANGIRICENGE umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa,ingingo ya sentare nkuru muri komine Muha yasohotse, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018.
Abo bagabo batatu bagirizwa gutema umuntu bakoresheje imipanga bari barumvirijwe mu rubanza rw’ikibiriraho, inyuma y’umutaga kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018, umushikirizamanza yari yabasabiye gupfungwa imyaka 15.
Uko ari batatu bose, bagirizwa gutema umugabo azwi kw ‘izina rya NDUWIMANA Jean Baptiste mu Kibenga, zone Kinindo, komine Muha.