Abadereva b’ishirahamwe ry’indege ry’igihugu ca Israeli banse gutwara impunzi z’abanyafrika zasubijwe mu bihugu vyazo ku nguvu kuberako badashigikiye ingingo y’ubutegetsi bwa Israeli kur’ico kibazo, niko ikinyamakuru Times canditse.
Umudereva umwe yavuze ko adashobora « gutwara izo mpunzi azijana mu rupfu ».
Bino bikurikiranye n’amategeko mashasha yatangujwe mu ntango y’umwaka.
Leta ya Israeli yaragabishije ibihumbi vy’abimukira baturuka muri Afrika kuva mu gihugu canke bagatabwa mw’ibohero.
Yemeye guha abo bimukira amadolari $3500 bagasubira iwabo mu minsi 90, bakanashobora kujanwa mu kindi gihugu iyo badashatse kuja mu gihugu c’amavuko.
Ubutegetsi bwa Israeli bwagabishije ko mu gihe batahungutse ko buzoca butangura kubashira mu mvuto kuva mu kwezi kwa kane.
Ikinyamakuru Times kivuga ko amashirahamwe agwanira agateka ka kiremwa muntu ahurikiye mu mugwi Zizam, yasavye biciye ku muhora wa telefone abadereva b’indege hamwe n’uburongozi bw’igisata c’indege kutitaba ivyo bikogwa vyo gutahukana impunzi bazitwara aho ubuzima bwazo bwogeramigwa ».