Abanyororo 10 bahora bapfungiwe mu gasho k’igiporisi I Makamba baratorotse mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Nzero 2018.
Amakuru ava mu ntara ya Makamba, amenyesha ko abo banyororo batorotse nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro,baciye mw’idirisha,babanje gutema ivyuma , bikitse inyuma y’imvura nyinshi yariko iragwa.
Ayo makuru nyene amenyesha ko abo batorotse bose bagirizwa ubusuma rwo ku rwego rwo hejuru, kandi bose bakaba bavuka muri komine Makamba.
Abaporisi bari bajejwe gucungera agasho, bakaba baciye bahagarikwa ku mvo z’amatohoza.
Ahaaa! ugucunga uwugucunga ntivyoroshe ; ni bagerageze barabe ko mu matohoza hari icovamwo
J’aimeJ’aime