Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 24 Nzero 2018, ku mutumba Karira, komine Gasorwe, intara ya Muyinga.
Amakuru ava aho i Gasorwe, amenyesha ko uwo yatowe ari ikiziga yari afise ibikomere , ashobora kuba yakomerekejwe na bagenzi we mw’ijoro, bivuye k’ukutumvikana kuvyo bari bahejeje kwiba.
Abajejwe intwaro baremeza ayo makuru, bakamenyesha ko uwo yatowe ikiziga yari umusuma, ariko ababa aho i Gasorwe basaba amatohoza kugira uwo yatowe ari ikiziga amenyekane, hamenyekane n’icatumye yicwa.