Mu gihe haheze iminsi ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO ryongereje umuyagankuba ritanga, rimenyesha ko umuyagankuba wayo udakoreshwa wose.
Umukuru w’ishirahamwe REGIDESO,Jeroboam NZIKOBANYANKA amenyesha ko bongereje umuyagankuba bivuye ku myidogo y’abakoresha umuyagankuba bavuga ko utaboneka ku rugero rukwiye.
Umukuru w’ishirahamwe REGIDESO avuga ko ubu bategekanije umuyagankuba ukwiye, ariko agasaba abafise amahinguriro akoresha umuyagankuba mwinshi, kuwukoresha amasaha 24 kuri 24.
Naho mw’ishirahamwe REGIDESO basaba ko umuyagankuba batanga ukoreshwa umwanya wose n’amashirahamwe, ayo mashirahamwe asigura ko hakiri intambamyi zituma badashobora gukora amasaha 24 kuri 24.
Amashirahamwe akoresha umuyagankuba mwinshi, asigura akoze amasaha 24 kuri 24 yoronka umwimbu mwinshi, mu nyuma bagaca bahura n’ikibazo co kubura isoko.
Ishirahamwe REGIDESO ryongereje megawate 30 z’umuyagankuba kuwo yahora itanga kuva mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka uheze wa 2017,ahenshi mu gisagara ca Bujumbura ukoreshwa kuva igihe c’isaha cumi na zibiri z’ agatondo gushika isaha zitandatu z’ijoro.
ni ingorane gusa: ubure ngo babimye umuyagankuba, ubonek’ari mwinshi bati twobur’isoko: »abantu barabay’imburabugirire »
J’aimeJ’aime