Umugore n’umugabo barishwe mw ‘ijoro ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Nzero 2018, ku mutumba Rusange, komine Gisuru, intara ya Ruyigi.
Abo bishwe ni NDARUFATIYE Mariko n’umukenyezi wiwe Kapitorina NDABARINZE, bishwe bavuye kwivuna akanyota mu masaha y’ijoro.
Amakuru ava aho mu Gisuru, amenyesha ko bategerewe n’abagizi ba nabi bitwaje ubuhiri barabakubita, umukenyezi aca yitaba Imana uwo mwanya nyene, mu gihe umugabo yitavye Imana amaze gushikanwa kwa muganga, ku bitaro vyo mu Gisuru.
Ayo makuru nyene y’abanyagihugu yemezwa kandi n’abajejwe umutekano, amenyesha ko boba bishwe bagirizwa ibijanye n’uburozi.
Mu giporisi bavuga ko abantu batandatu bamaze gufatwa, ku mvo z’amatohoza.