Ruyigi : Sentare Nkuru yaciriye urubanza abagirizwa ubusuma bw’amapikipiki

Ibihano biri hagati yo gupfungwa imyaka indwi n’imyaka 15, nivyo Sentare nkuru y’intara ya Ruyigi yaciriye abantu babiri bagirizwa kwiba amapikipiki.

Uwa mbere yafatiwe mu Rutovu , mu ntara ya Bururi yaciriwe gupfungwa imyaka indwi. Uwu yagirizwa kuba umusuma karuhariwe w’amapikipiki.

Uwu yafatiwe mu Rutovu, yciriwe gupfungwa imyaka 7

Uwa kabiri yaciriwe gupfungwa imyaka 15, yagirizwa kwiba ipikipiki yafatanywe ,yari yibwe mu kigo c’ababikira i Butaganzwa, mu ntara ya Ruyigi.

Uwu yagirizwa kwiba mu kigo c’ababikira, yaciriwe gupfungwa imyaka 15

Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE amenyesha ko, abo bafashwe, baciriwe ivyo bihano, mu manza z’ikibiriraho.