Rwanda-Isirayeli: Impunzi z’abanyafrika muri isirayeli zagize imyiyerekano kuri ambasade y’urwanda

Impunzi z’abayafrika muri Israel zagiye kugira imyiyerekabo ku biro biserukira igihugu c’Urwanda muri Isirayeri gusaba yuko Leta y’urwanda yoheba umugambi wo kwakira izo mpunzi kugira ngo yironkere amafaranga n’ibigwanisho.

Izo mpunzi zigira ziti igihugu canyu c’Urwanda kiriko kiraja mumugambi w’igurishwa ry’impunzi mugihe musanzwe mufise impunzi z’abanyarwanda mu bihugu vyinshi vyo kwisi mudashaka yuko zitaha. Hebe umugambi wo kugura no kugurisha impanzi mwarabonye uko vyagenze muri libiya.