Umukuru w’igihugu yarongoye inama nshikiranganji ya mbere muri 2018

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yarongoye inama nshikiranganji ya mbere mu mwaka wa 2018. Ku rutonde vy’ivyigwa, hari amasezerano y’umwumvikano hagati y’ubushikiranganji bw’umutekano bw’Uburundi hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu muri Afrika y’Epfo, amasezerano y’umuwumvikano hagati y’ubushikiranganji bw’umutekano n’igihugu c’Ubushinwa.

Nkuko biri ku rutonde rw’ivyigwa n’inama nshikiranganji, ibindi biga ni integuro y’itegeko rigenga amasoko y’imitahe mu Burundi, integuro y’itegeko nshikiranganji rigenga amafaranga azokoreshwa na Reta mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2018.

Ibindi biri ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nshikiranganji yabaye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018, ni integuro y’amasezerano yo gufashanya muvya gisirikare hagati y’Uburundi n’igihugu c’Uburusiya .

Ikindi cigwa mu nama nshikiranganji ni ikijanye n’integuro yo gusanura no gusiga ikaburimbi ibarabara rya Bururi-Makamba- Gihofi- Cankuzo.

Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’igihugu c’Uburundi

Inama nshikiranganji yatanguye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018, izorangira kuwa kane igenekerezo rya 25 Nzero 2018.