Amasasu 789 niyo igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko catoye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018, ku mutumba Nyavyatsi, komine Mishiha, intara ya Cankuzo.
Nkuko biri ku rubuga rwa Twitter rw’igiporisi c’Uburundi, ayo masase yatowe mw’itongo ryahoze ribamwo,umunyarwanda yari yahungiye mu Burundi.
Ayo makuru nyene dukesha urubuga rwa Twitter rw’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko ayo masase yatowe ari mw’isandugu, biboneka ko ryahambwe haraheze igihe kitari gito.
Ayo makuru y’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko iryo tongo ubu ryegukira uwitwa Diomède MASABARAKIZA.