Abahinga bo kuri Kaminuza y’i Nairobi mu gihugu ca Kenya, baherutse gukora ikigendajuru c’ico gihugu. Bitegekanijwe ko kizotangura gukora mu kwezi kwa Ndamukiza uyu mwaka wa 2018.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, kugira ico kigendajuru gikorwe abahinga ba Kenya bafashijwe mu bijanye n’uburyo n’ikigo co mu Buyapani kijejwe kugenzura ibirere.
Abajejwe intwaro muri Kenya bamenyesha ko ico kigendajuru kizokoreshwa mu kugenzura ibijanye n’uburimyi hamwe no kugenzura imbibe z’igihugu.
Igihugu ca Kenya kibaye ica gatandatu ku mugabane wa Afirika kironse ikigendajuru mu kirere.