Muramvya : Umuntu umwe yishwe yagirizwa ubusuma

Umuntu vyikekwa ko ari umusuma yarishwe n’abanyagihugu mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatatu buca ari kuwa kane igenekerezo rya 25 Nzero 2018. Amakuru ava aho i Muramvya, amenyesha ko yishwe mu gihe abo bari kumwe bamusiga.

Amakuru ava ku mutumba wa Gatwaro, amenyesha ko uwo muntu yishwe yagirizwa kuba ari umusuma nk’igihe c’isaha icenda n’igice z’ijoro.

Ayo makuru nyene ,amenyesha ko uwo muntu yishwe mu gihe abo bari kumwe bobo bashoboye guhunga bagasiga abanyagihugu.

Abajejwe intwaro ku mutumba Gatwaro, basaba abanyagihugu ko mu gihe cose bafashe umuntu yagirizwa ubusuma batoca bihanira, ahubwo bomushikiriza abajejwe umutekano, abo nabo bakamushikiriza abajejwe ubutungane.